2 Atangura kwubaka Inzu y’Ikibira c’i Libani+: uburebure bwayo bwari amatambwe ijana, ubwaguke bwayo bwari amatambwe mirongo itanu, amahagarara yayo na yo yari amatambwe mirongo itatu, ayubaka ku misitari ine y’inkingi z’ibiti vy’amasederi; kuri izo nkingi hari ibibaho+ vy’isederi.