Abalewi 18:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Ni co gituma igihugu gihumanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco, kandi kizodahwa abakibamwo+. Gusubira mu vyagezwe 12:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Ntuze ukore gutyo kuri Yehova Imana yawe+, kuko ikintu cose giteye ishishi kuri Yehova, ico yanka koko, ari co ayo mahanga yakoze ku mana zayo, kuko mbere n’abahungu bayo n’abakobwa bayo yama abaturira mu muriro ku bw’imana zayo+. 2 Ngoma 36:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Egome, abakuru bose b’abaherezi+ n’abantu bǎrakora ivy’ubuhemu ku rugero runini, bisunze ibintu biteye ishishi+ vyose vy’amahanga, ku buryo bahumanya inzu ya Yehova, iyo yari yarejeje i Yeruzalemu+. Ezekiyeli 16:51 Bibiliya y’isi nshasha 51 “‘Nayo Samariya+, ntiyacumuye ngo ishikane no ku ca kabiri c’ibicumuro vyawe, mugabo wewe wagumye ubarusha kugwiza ibintu vyawe biteye ishishi, ku buryo watumye benewanyu baboneka ko bagororotse kubera ibintu vyawe vyose biteye ishishi washishikaye gukora+.
31 Ntuze ukore gutyo kuri Yehova Imana yawe+, kuko ikintu cose giteye ishishi kuri Yehova, ico yanka koko, ari co ayo mahanga yakoze ku mana zayo, kuko mbere n’abahungu bayo n’abakobwa bayo yama abaturira mu muriro ku bw’imana zayo+.
14 Egome, abakuru bose b’abaherezi+ n’abantu bǎrakora ivy’ubuhemu ku rugero runini, bisunze ibintu biteye ishishi+ vyose vy’amahanga, ku buryo bahumanya inzu ya Yehova, iyo yari yarejeje i Yeruzalemu+.
51 “‘Nayo Samariya+, ntiyacumuye ngo ishikane no ku ca kabiri c’ibicumuro vyawe, mugabo wewe wagumye ubarusha kugwiza ibintu vyawe biteye ishishi, ku buryo watumye benewanyu baboneka ko bagororotse kubera ibintu vyawe vyose biteye ishishi washishikaye gukora+.