ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 2:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nuko atora nya mpuzu y’ibango ya Eliya yari yakorotse ivuye kuri we, akubita amazi+ hanyuma avuga ati: “Yehova Imana ya Eliya ari hehe+?” Akubise amazi, buhorobuhoro aca arigabura, amwe hino ayandi hirya, ku buryo Elisha ajabuka.

  • 2 Abami 2:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Aca avuga ati: “Nimunzanire akabakure gashasha hanyuma mugashiremwo umunyu.” Nuko barakamuzanira.

  • 2 Abami 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ntimuzobona umuyaga, kandi ntimuzobona imvura y’isegenya; yamara uwu mwonga uzokwuzura amazi+, namwe muzonywa kuri wo ata gukeka+, mwebwe n’ibitungwa vyanyu n’ibikoko vy’ibitungano vyanyu.”’

  • 2 Abami 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Uheze ugende, wiyugarane n’abahungu bawe, hanyuma usuke amavuta muri ivyo vyombo vyose, ivyuzuye ubishire ku ruhande.”

  • 2 Abami 5:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Aca aramanuka maze yibira muri Yorodani incuro indwi, nk’uko ijambo rya wa muntu w’Imana y’ukuri ryari+; hanyuma umubiri wiwe usubira kuba nk’umubiri w’akana gatoya+, aba uwudahumanye+.

  • 2 Abami 5:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Imibembe+ ya Namani izomata rero kuri wewe no ku ruvyaro rwawe, gushika igihe kitagira urugero*+.” Gehazi aca arasohoka ava imbere yiwe, ari umunyamibembe yera derere*+.

  • 2 Abami 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko nya muntu w’Imana y’ukuri avuga ati: “Yaguye he?” Amwereka rero nya hantu. Aca atema ingegene y’igiti araheza ayitererayo maze atuma nya mutwe w’ishoka ureremba+.

  • 2 Abami 7:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko Elisha avuga ati: “Nimwumvirize ijambo rya Yehova+. Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ejo nk’aya mango ingero ya seya* y’ifu inoze izoba iciye shekeli imwe, n’ingero zibiri za seya za sayiri zizoba ziciye shekeli imwe, mw’irembo rya Samariya+.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika