Zaburi 105:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+. Yesaya 45:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Muri Yehova uruvyaro+ rwa Isirayeli rwose ruzoboneka ko ruri mu kuri+, kandi rwirate+.’” Yeremiya 9:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 “Mugabo uwiyemera yiyemere kubera iki kintu: ko afise ugutahura kwimbitse+, ko anzi, yuko jewe ndi Yehova+, Umwe agira ubuntu bwuzuye urukundo, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi+; kuko ivyo ari vyo koko bimpimbara+,” ni ko Yehova avuze. 2 Abakorinto 10:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Mugabo uwirata, niyirate muri Yehova+.”
24 “Mugabo uwiyemera yiyemere kubera iki kintu: ko afise ugutahura kwimbitse+, ko anzi, yuko jewe ndi Yehova+, Umwe agira ubuntu bwuzuye urukundo, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi+; kuko ivyo ari vyo koko bimpimbara+,” ni ko Yehova avuze.