5 Bene Rubeni+ imfura ya Isirayeli—kuko yari imfura+; mugabo kubera yuko yahumanije uburiri bwa se+, uburenganzira bwiwe bw’imfura bwahawe bene Yozefu+ umuhungu wa Isirayeli, ku buryo atari kwandikwa hakurikijwe amamuko, ku bijanye n’uburenganzira bw’imfura.