15 Abaririmvyi+ bene Asafu+ bari kw’ibanga ryabo, hisunzwe ibwirizwa rya Dawidi+ n’irya Asafu+ n’irya Hemani+ n’irya Yedutuni+ umubonyi+ w’umwami; abarinzi b’amarembo+ na bo bari ku marembo atandukanye+. Ntivyaba ngombwa ko bava ku gikorwa cabo, kuko bene wabo Abalewi babategurira+.