2 Samweli 3:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 Nanje uno musi ndi goyigoyi, naho narobanujwe amavuta+ ngo mbe umwami, kandi aba bagabo, bene Zeruwiya+, barakaze birenze kuri jewe+. Yehova yishure uwukora ikibi nk’uko ububi bwiwe buri+.” 2 Samweli 8:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Yowabu+ mwene Zeruwiya ni we yagaba ingabo; Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umukarani. 2 Samweli 20:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nayo Amasa, ntiyari yiyubaye ku bijanye n’inkota yari mu kuboko kwa Yowabu; nuko ayimuzibura+ mu nda, amara yiwe aseseka hasi, ntiyarinda kumugereka. Gutyo arapfa. Yowabu na Abishayi mwene wabo boma inyuma Sheba mwene Bikiri. 1 Ngoma 11:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Dawidi avuga rero ati: “Uwuzotangura gukubita+ Abayebusi wese, azoba umukuru n’umuganwa.” Nuko Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kuduga, maze aba umukuru.
39 Nanje uno musi ndi goyigoyi, naho narobanujwe amavuta+ ngo mbe umwami, kandi aba bagabo, bene Zeruwiya+, barakaze birenze kuri jewe+. Yehova yishure uwukora ikibi nk’uko ububi bwiwe buri+.”
10 Nayo Amasa, ntiyari yiyubaye ku bijanye n’inkota yari mu kuboko kwa Yowabu; nuko ayimuzibura+ mu nda, amara yiwe aseseka hasi, ntiyarinda kumugereka. Gutyo arapfa. Yowabu na Abishayi mwene wabo boma inyuma Sheba mwene Bikiri.
6 Dawidi avuga rero ati: “Uwuzotangura gukubita+ Abayebusi wese, azoba umukuru n’umuganwa.” Nuko Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kuduga, maze aba umukuru.