30 Gutyo, kuri uyo musi Yehova akiza Isirayeli ayikura mu kuboko kw’Abanyamisiri+, Isirayeli na yo iribonera Abanyamisiri bapfuye, ku nkengera y’ikiyaga+.
22 Kuko benshi bari baguye bagandaguwe, kubera ko nya ntambara yava ku Mana y’ukuri+. Nuko babandanya kuba ahantu habo gushika igihe ca bwa bunyagano+.
36 Hanyuma umumarayika+ wa Yehova arasohoka maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu mw’ikambi y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo, erega, basanga bose bapfuye, ari imivyimba+.