ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ibandanya kuvuga iti: “Ndi Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.” Maze Musa ahisha mu maso hiwe, kuko yatinya kuraba Imana y’ukuri.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Bobo banteje ishari imana y’imburakimazi+;

      Banteje akababaro ibigirwamana vyabo bitagira mvura+;

      Nanje nzobateza ishari abantu b’imburakimazi+;

      Nzobababaza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.

  • 1 Abami 11:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Ikibitumye ni uko bantaye+, bagatangura kwunamira Ashitoreti+ imanakazi y’Abanyasidoni, Kemoshi+ imana ya Mowabu na Milikomu+ imana ya bene Amoni; kandi ntibagendeye mu nzira zanje mu gukora ibigororotse mu maso yanje no mu kugumya ivyagezwe vyanje n’ingingo z’ubutungane zanje, nka Dawidi se wiwe.

  • 2 Ngoma 15:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+.

  • Yeremiya 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika