13 Genda winjire aho Umwami Dawidi ari, uheze umubwire uti: ‘Mbega si wewe ga mukama wanje umwami warahiye umushumbakazi wawe uti: “Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+”? Kubera iki none Adoniya yabaye umwami?’