Guharura 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Yehova amanuka rero mu gicu+ hanyuma avugana na we+, maze akura nkeyi ku mpwemu+ yari kuri we, ayishira kuri umwe wese muri abo bagabo b’inararibonye mirongo irindwi. Impwemu ikimara kuja kuri bo, baca batangura gukora bwa bahanuzi; mugabo ntibongeye kubigira+. 2 Ngoma 15:1 Bibiliya y’isi nshasha 15 Nayo Azariya mwene Odedi+, impwemu+ y’Imana iza kuri we. 2 Ngoma 20:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nayo Yahaziyeli mwene Zekariya, Zekariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya, Umulewi wo muri bene Asafu+, impwemu+ ya Yehova imuzako hagati mw’ishengero. 2 Petero 1:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu+, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana+ nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda+.
25 Yehova amanuka rero mu gicu+ hanyuma avugana na we+, maze akura nkeyi ku mpwemu+ yari kuri we, ayishira kuri umwe wese muri abo bagabo b’inararibonye mirongo irindwi. Impwemu ikimara kuja kuri bo, baca batangura gukora bwa bahanuzi; mugabo ntibongeye kubigira+.
14 Nayo Yahaziyeli mwene Zekariya, Zekariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya, Umulewi wo muri bene Asafu+, impwemu+ ya Yehova imuzako hagati mw’ishengero.
21 Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu+, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana+ nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda+.