Itanguriro 9:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo. Zaburi 94:1 Bibiliya y’isi nshasha 94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+! Yeremiya 11:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Mugabo Yehova nyen’ingabo aca urubanza mu bugororotsi+; asuzuma amafyigo n’umutima+. Ese nobona ukuntu ubihōra, kuko ari wewe nahishuriye imburano zanje+. Abaheburayo 10:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.” Yuda 9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.”
5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo.
20 Mugabo Yehova nyen’ingabo aca urubanza mu bugororotsi+; asuzuma amafyigo n’umutima+. Ese nobona ukuntu ubihōra, kuko ari wewe nahishuriye imburano zanje+.
30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.”
9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.”