18 Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu matunga y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami, abishira mu kuboko kw’abasuku biwe; nuko Umwami Asa abatuma kuri Beni-hadadi+ mwene Taburimoni mwene Heziyoni, umwami wa Siriya+, uwaba i Damasiko+, ati: