ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 16:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.”

  • Ezira 7:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 uwo Ezira araduga avuye i Babiloni; yari umwimuzi w’umuhanga+ mu bijanye n’itegeko rya Musa+, iryo Yehova Imana ya Isirayeli yari yaratanze, ku buryo umwami amuha ivyo yasavye vyose akurikije ukuboko kwa Yehova Imana yiwe kwari kuri we+.

  • Ezira 7:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kandi yarangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+ imbere y’umwami n’abajanama+ biwe no ku baganwa bakomeye b’umwami bose. Nanje narikomeje nk’uko ukuboko+ kwa Yehova Imana yanje kwari kuri jewe, maze ntangura kwegeranya muri Isirayeli abakuru kugira badugane nanje.

  • Zakariya 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko anyishura ati: “Iri ni ryo jambo Yehova abwiye Zerubabeli ati: ‘“Si ku bw’inteko za gisirikare+, canke ku bw’ububasha+, mugabo ni ku bw’impwemu yanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika