14 Mbonye ubwoba bwabo, nca ndahaguruka, mbwira abanyacubahiro+ n’ivyegera vy’abatware+ n’abantu basigaye nti: “Ntimutinye+ kubera bo. Mwibuke Yehova Umwe ahambaye+ kandi ateye ubwoba+; murwanire bene wanyu+, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.”