Esiteri 9:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ivyo biba ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari; ku musi ugira cumi na kane wakwo haba akaruhuko, maze bawugira umusi wo kwihereza inzimano+ n’uwo kunezerwa+. Zaburi 18:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+. Zaburi 30:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+. Zaburi 97:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Umuco ubwawo warabije ku bw’umugororotsi+,Umunezero na wo ku bw’abantu b’umutima ugororotse+. Imigani 11:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+. Yesaya 30:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Kandi umuco w’ukwezi kw’igisyo uzocika koko nk’umuco w’izuba rirurumba; kandi umuco w’izuba rirurumba uzokwongerekana incuro indwi+, nk’umuco w’imisi indwi, ku musi Yehova azotubika isenyerana+ ry’abantu biwe agakiza+ n’uruguma rukaze ruvuye ku nkoni bakubiswe na we. Mika 7:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+.
17 ivyo biba ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari; ku musi ugira cumi na kane wakwo haba akaruhuko, maze bawugira umusi wo kwihereza inzimano+ n’uwo kunezerwa+.
28 Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+.
5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+.
10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+.
26 Kandi umuco w’ukwezi kw’igisyo uzocika koko nk’umuco w’izuba rirurumba; kandi umuco w’izuba rirurumba uzokwongerekana incuro indwi+, nk’umuco w’imisi indwi, ku musi Yehova azotubika isenyerana+ ry’abantu biwe agakiza+ n’uruguma rukaze ruvuye ku nkoni bakubiswe na we.
8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+.