ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 ivyo biba ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari; ku musi ugira cumi na kane wakwo haba akaruhuko, maze bawugira umusi wo kwihereza inzimano+ n’uwo kunezerwa+.

  • Zaburi 18:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kuko ari wewe uzokwatsa itara ryanje, ewe Yehova+!

      Imana yanje ubwayo izotuma umwiza wanje ukayangana+.

  • Zaburi 30:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,

      Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.

      Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+.

  • Zaburi 97:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Umuco ubwawo warabije ku bw’umugororotsi+,

      Umunezero na wo ku bw’abantu b’umutima ugororotse+.

  • Imigani 11:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+.

  • Yesaya 30:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Kandi umuco w’ukwezi kw’igisyo uzocika koko nk’umuco w’izuba rirurumba; kandi umuco w’izuba rirurumba uzokwongerekana incuro indwi+, nk’umuco w’imisi indwi, ku musi Yehova azotubika isenyerana+ ry’abantu biwe agakiza+ n’uruguma rukaze ruvuye ku nkoni bakubiswe na we.

  • Mika 7:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika