ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 60:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Izuba ryawe ntirizosubira kurenga, eka n’ukwezi kwawe ntikuzoyama; kuko Yehova ubwiwe azokubera umuco wamaho igihe kitagira urugero+, kandi imisi y’ukugandara kwawe izoba yarangiye+.

  • Habakuki 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+.

  • Habakuki 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+.

  • Ivyahishuwe 21:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+.

  • Ivyahishuwe 22:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco+ kuri bo, kandi bazoganza ibihe bitazoshira+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika