Yesaya 60:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Izuba ryawe ntirizosubira kurenga, eka n’ukwezi kwawe ntikuzoyama; kuko Yehova ubwiwe azokubera umuco wamaho igihe kitagira urugero+, kandi imisi y’ukugandara kwawe izoba yarangiye+. Habakuki 3:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+. Habakuki 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+. Ivyahishuwe 21:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+. Ivyahishuwe 22:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco+ kuri bo, kandi bazoganza ibihe bitazoshira+.
20 Izuba ryawe ntirizosubira kurenga, eka n’ukwezi kwawe ntikuzoyama; kuko Yehova ubwiwe azokubera umuco wamaho igihe kitagira urugero+, kandi imisi y’ukugandara kwawe izoba yarangiye+.
4 Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+.
11 Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+.
23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+.
5 Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco+ kuri bo, kandi bazoganza ibihe bitazoshira+.