Yesaya 25:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze. Yesaya 30:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Abantu b’i Siyoni+ nibaba i Yeruzalemu+, ntuzogenda urize+. Ntazobura kukugirira ubutoni niyumva ijwi ry’amaborogo yawe; akiryumva ntazobura kukwishura+. Yesaya 35:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kandi abacunguwe na Yehova bazogaruka+ baze koko i Siyoni n’akamo k’umunezero+; kandi umunezero wo gushika igihe kitagira urugero uzoba ku mutwe wabo+. Bazoshikira umwigino n’umunezero, kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+. Ivyahishuwe 21:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kandi izohanagura amosozi yose+ ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho+. Ivya kera vyagiye+.”
8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.
19 Abantu b’i Siyoni+ nibaba i Yeruzalemu+, ntuzogenda urize+. Ntazobura kukugirira ubutoni niyumva ijwi ry’amaborogo yawe; akiryumva ntazobura kukwishura+.
10 Kandi abacunguwe na Yehova bazogaruka+ baze koko i Siyoni n’akamo k’umunezero+; kandi umunezero wo gushika igihe kitagira urugero uzoba ku mutwe wabo+. Bazoshikira umwigino n’umunezero, kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.
4 Kandi izohanagura amosozi yose+ ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho+. Ivya kera vyagiye+.”