9Nuko mu kwezi kugira cumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, igihe ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyategerezwa gushitswa+, umusi abansi b’Abayuda bari bararindiriye kugira ngo biganze kuri bo, haba igihushane, Abayuda baba ari bo biganza ku babanka+.