7 Mu kwezi kwa mbere+, ari kwo kwezi kwa Nisani*, mu mwaka ugira cumi na kabiri+ w’Umwami Ahasuwerusi, batera Puri+ ari bwo Bupfindo+, imbere ya Hamani ku musi ku musi, ku kwezi ku kwezi, gushika mu kw’icumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+.
12 ivyo bikagirwa ku musi umwe+, mu ntara z’ubutware zose z’Umwami Ahasuwerusi, ku musi ugira cumi na gatatu+ w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+.