1 Samweli 12:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kuko Yehova atazota+ abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abantu biwe+. Zaburi 34:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi+,Yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose+. Zaburi 94:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,Eka ntazota intoranwa yiwe+. Mika 5:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ukuboko kwawe kuzoba hejuru cane y’abarwanizi bawe+, kandi abansi bawe bose bazorandurwa+.”
22 Kuko Yehova atazota+ abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abantu biwe+.