ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 6:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 abana* b’Imana y’ukuri+ batangura rero kwitegereza+ abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.

  • 1 Abami 22:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Mikaya abandanya kuvuga ati: “Niwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose zo mu majuru zihagaze iruhande yiwe, iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+.

  • Yobu 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri+ binjira guhagarara imbere ya Yehova+, mbere na Shetani+ yinjira hagati muri bo+.

  • Yobu 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Hanyuma umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri binjira guhagarara imbere ya Yehova, na Shetani nyene yinjira hagati muri bo guhagarara imbere ya Yehova+.

  • Zaburi 89:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Kuko, ni nde mu majuru yogereranywa na Yehova+?

      Ni nde yosa na Yehova mu bana b’Imana+?

  • Zaburi 104:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Akagira abamarayika biwe impwemu+,

      Abasuku biwe akabagira umuriro urigata+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika