Kuvayo 19:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+. Gusubira mu vyagezwe 10:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Itegereze: amajuru ni aya Yehova Imana yawe+, mbere amajuru y’amajuru, isi+ n’ibiri muri yo vyose. Zaburi 24:1 Bibiliya y’isi nshasha 24 Isi n’ibiyuzuye ni ivya Yehova+,Ubutaka bwimbuka n’ababubako+. Zaburi 50:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Hamwe noba nshonje, sinobikubwira;Kuko ubutaka bwimbuka+ n’ibibwuzuye ari rwanje+. 1 Abakorinto 10:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 kuko “isi n’ibiyuzuye+ ari ivya Yehova+.”
5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+.
14 Itegereze: amajuru ni aya Yehova Imana yawe+, mbere amajuru y’amajuru, isi+ n’ibiri muri yo vyose.