Zaburi 138:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko Yehova ari hejuru, yamara arabona uwuciye bugufi+;Ariko uwiduza amumenyera kure gusa+. Yesaya 66:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 “Ibi bintu vyose rero ukuboko kwanje kwarabikoze, ku buryo ivyo vyose vyabayeho+,” ni ko Yehova avuze. “Uyu rero ni we nzokwitegereza: umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima+, ajugumizwa n’ijambo ryanje+. Luka 18:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’
2 “Ibi bintu vyose rero ukuboko kwanje kwarabikoze, ku buryo ivyo vyose vyabayeho+,” ni ko Yehova avuze. “Uyu rero ni we nzokwitegereza: umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima+, ajugumizwa n’ijambo ryanje+.
13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’