ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 16:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?”

  • 2 Ngoma 16:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.”

  • Zaburi 139:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Ukugenda kwanje n’ukuryama kwanje niramvuye, warabigeze+,

      Kandi inzira zanje zose urazimenyereye+.

  • Imigani 5:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere y’amaso ya Yehova+, kandi aritegereza imihora yiwe yose+.

  • Yeremiya 32:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika