Itanguriro 16:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?” 2 Ngoma 16:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.” Zaburi 139:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ukugenda kwanje n’ukuryama kwanje niramvuye, warabigeze+,Kandi inzira zanje zose urazimenyereye+. Imigani 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere y’amaso ya Yehova+, kandi aritegereza imihora yiwe yose+. Yeremiya 32:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+;
13 Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?”
9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.”
19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+;