1 Abami 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+. 1 Abami 4:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. Yobu 35:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,Kandi itugira inkerebutsi kuruta ibiremwa biguruka vyo mu kirere. Imigani 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi+; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura+. Umusiguzi 2:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Kuko umuntu ameze neza imbere yayo+ yamuhaye ubukerebutsi n’ubumenyi n’umunezero+, mugabo umucumuzi yamuhaye igikorwa co gukorakoranya no kwegeraniriza hamwe kugira gusa bihabwe uwumeze neza imbere y’Imana y’ukuri+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+. Daniyeli 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nayo abo bana, uko ari bane, Imana y’ukuri ibaha ubumenyi n’ugutahura kwimbitse mu bijanye n’inyandiko yose be n’ubukerebutsi bwose+; kandi Daniyeli ubwiwe yari afise ugutegera mu bijanye n’ubwoko bwose bw’iyerekwa be n’indoto+. Matayo 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+. Yakobo 1:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi+, nagume abusaba Imana+, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe+; kandi azobuhabwa+.
12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+.
29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+.
11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,Kandi itugira inkerebutsi kuruta ibiremwa biguruka vyo mu kirere.
26 Kuko umuntu ameze neza imbere yayo+ yamuhaye ubukerebutsi n’ubumenyi n’umunezero+, mugabo umucumuzi yamuhaye igikorwa co gukorakoranya no kwegeraniriza hamwe kugira gusa bihabwe uwumeze neza imbere y’Imana y’ukuri+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.
17 Nayo abo bana, uko ari bane, Imana y’ukuri ibaha ubumenyi n’ugutahura kwimbitse mu bijanye n’inyandiko yose be n’ubukerebutsi bwose+; kandi Daniyeli ubwiwe yari afise ugutegera mu bijanye n’ubwoko bwose bw’iyerekwa be n’indoto+.
25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.
5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi+, nagume abusaba Imana+, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe+; kandi azobuhabwa+.