ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+.

  • 1 Abami 4:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+.

  • Yobu 35:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,

      Kandi itugira inkerebutsi kuruta ibiremwa biguruka vyo mu kirere.

  • Imigani 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi+; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura+.

  • Umusiguzi 2:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Kuko umuntu ameze neza imbere yayo+ yamuhaye ubukerebutsi n’ubumenyi n’umunezero+, mugabo umucumuzi yamuhaye igikorwa co gukorakoranya no kwegeraniriza hamwe kugira gusa bihabwe uwumeze neza imbere y’Imana y’ukuri+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga+.

  • Daniyeli 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nayo abo bana, uko ari bane, Imana y’ukuri ibaha ubumenyi n’ugutahura kwimbitse mu bijanye n’inyandiko yose be n’ubukerebutsi bwose+; kandi Daniyeli ubwiwe yari afise ugutegera mu bijanye n’ubwoko bwose bw’iyerekwa be n’indoto+.

  • Matayo 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.

  • Yakobo 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi+, nagume abusaba Imana+, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe+; kandi azobuhabwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika