Imigani
2 Mwananje, niwakîra amajambo yanje+ kandi ukabika muri ntibate amabwirizwa yanje iruhande yawe+, 2 kugira utege ugutwi kwawe ubukerebutsi+, ngo ushire umutima wawe ku gutahura+; 3 vyongeye, niwahamagara ugutegera+ kandi ugashira ijwi hejuru urondera ugutahura+, 4 niwaguma ubirondera nk’uwurondera ifeza+, kandi ukaguma ubirondera nk’amatunga yanyegejwe+, 5 ni ho uzotahura ugutinya+ Yehova, kandi uzoronka ukumenya Imana+. 6 Kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi+; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura+. 7 Kandi abagororotse azobabikira muri ntibate ubukerebutsi ngirakamaro+; ni inkinzo ku bagendera mu gutungana*+, 8 mu kwubahiriza iminyuro y’urubanza+, kandi azorinda inzira y’intahemuka ziwe+. 9 Aho ni ho uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza+.
10 Ubukerebutsi nibwinjira mu mutima wawe+ n’ubumenyi bukaguhimbara+, 11 ubushobozi bwo kwiyumvira buzoguma bugucungereye+, ugutahura kuzokuzigama+, 12 ngo bikurokore uve mu nzira mbi+, bigukize umuntu avuga ibintu bigoramye+, 13 bigukize barya bava mu minyuro y’ukugororoka kugira ngo bagendere mu nzira z’umwiza+, 14 bigukize barya banezerwa n’ugukora inabi+, bagirira akanyamuneza ibintu bigoramye vy’ububi+; 15 barya usanga iminyuro yabo ihetaraye kandi b’abanyaruyeri mu ngendo yabo+; 16 ngo bigukize umugore w’igihumbu*, umugore w’umunyamahangakazi+ yagize amajambo yiwe ayasosa+, 17 umwe areka umugenzi somambike wo mu buto bwiwe+ kandi yibagiye isezerano ry’Imana yiwe+. 18 Kuko inzu yiwe inyika ija epfo mu rupfu, imihora yiwe na yo epfo kuri barya ata co bashoboye mu rupfu+. 19 Nta n’umwe mu baryamana na we azogaruka, eka mbere ntibazosubira mu minyuro y’abazima+.
20 Intumbero ni uko wogendera mu nzira y’abeza+ be n’uko wogumya iminyuro y’abagororotsi+. 21 Kuko abagororotse ari bo bazokwibera mw’isi+, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo+. 22 Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi+; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo+.