1 Ngoma 5:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Amaherezo bafashwa kubarwanya, ku buryo Abahaguri n’abari kumwe na bo bose batangwa mu kuboko kwabo, kuko bari batabaje+ Imana muri iyo ntambara, na yo ikemera kwingingwa ku bwabo kuko bari bayizigiye+. Zaburi 22:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ba data barakwizigiye+;Barizigiye, nawe uguma ubakiza+. Daniyeli 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Asangwa ari ukwo biri, Imana yacu dukorera irashobora kuturokora. Iraturokora muri iryo tanure ry’umuriro ururumba, no mu kuboko kwawe, mwami+. Daniyeli 6:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Maze umwami arahimbarwa cane+, aca ategeka ko Daniyeli aduzwa agakurwa muri ico cobo. Daniyeli araduzwa akurwa muri ico cobo, kandi basanga nta na kimwe yabaye, kuko yari yizigiye Imana yiwe+.
20 Amaherezo bafashwa kubarwanya, ku buryo Abahaguri n’abari kumwe na bo bose batangwa mu kuboko kwabo, kuko bari batabaje+ Imana muri iyo ntambara, na yo ikemera kwingingwa ku bwabo kuko bari bayizigiye+.
17 Asangwa ari ukwo biri, Imana yacu dukorera irashobora kuturokora. Iraturokora muri iryo tanure ry’umuriro ururumba, no mu kuboko kwawe, mwami+.
23 Maze umwami arahimbarwa cane+, aca ategeka ko Daniyeli aduzwa agakurwa muri ico cobo. Daniyeli araduzwa akurwa muri ico cobo, kandi basanga nta na kimwe yabaye, kuko yari yizigiye Imana yiwe+.