ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 17:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Maze Dawidi yongerako ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya+.” Sauli aca abwira Dawidi ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe+.”

  • 2 Samweli 22:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;

      Ku munyenkomezi atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+;

  • Zaburi 27:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.

      Ni nde nzotinya+?

      Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.

      Ni nde nzogirira ubwoba+?

  • Imigani 18:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa+.

  • Yesaya 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Raba! Imana ni yo bukiriro bwanje+. Nzokwizigira singire ubwoba+; kuko Ya* Yehova ari we nkomezi+ zanje n’ubushobozi+ bwanje, kandi yacitse ubukiriro bwanje+.”

  • Daniyeli 6:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Irakiza, ikarokora+, igakora ibimenyetso n’ibitangaza mu majuru+ no kw’isi+, kuko yakijije Daniyeli ikamukura mu majanja y’intambwe.”

  • Mika 7:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Jeho, Yehova ni we nzoguma nderetse+. Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje+. Imana yanje izonyumva+.

  • 2 Abakorinto 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ico kintu gihambaye nk’urupfu ni co yadukijije kandi ni co izodukiza+; kandi turizigiye ko izonabandanya kudukiza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika