ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 27:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Yotegura, mugabo umugororotsi ni we yokwambara+,

      Kandi ifeza, intungane ni yo yoyironkako umuturi.

  • Zaburi 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko abona yuko n’abantu b’inkerebutsi bapfa+,

      Imburabwenge n’abatiyumvira bakayogerera hamwe+,

      Ibibabeshaho bagategerezwa kubisigira abandi+.

  • Imigani 13:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abana b’abana biwe, kandi ubutunzi bw’umucumuzi ni ikintu kibikiwe muri ntibate umugororotsi+.

  • Umusiguzi 2:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi ni nde azi ko azoba inkerebutsi canke igipfu+? Yamara azokwiganzira igikorwa canje c’ubutame cose nakoze ngatama, ico nerekaniyeko ubukerebutsi munsi y’izuba+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.

  • Umusiguzi 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Hari umuntu w’inyakamwe, nta wa kabiri ariho+; nta n’umwana canke mwene wabo agira+, mugabo igikorwa ciwe c’ubutame cose nta herezo kigira. Vyongeye, amaso yiwe ntahaga ubutunzi+: “None ndiko nduhira nde, nkīma n’umutima wanje ivyiza+?” Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa c’ivyago+.

  • Luka 12:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Mugabo Imana imubwira iti: ‘Wa kijuju we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe+. None ibintu warunze bizoba ivya nde+?’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika