1 Ngoma 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+. 2 Ngoma 15:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+. 2 Ngoma 19:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ariko hari ibintu vyiza+ vyabonetse muri wewe, kuko wakuye ibikingi vyeranda mu gihugu+ kandi ugategurira umutima wawe kurondera Imana y’ukuri+.” Yobu 28:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Ni ko kubwira umuntu iti:‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’” Yesaya 55:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nimurondere Yehova umwanya agishobora kuboneka+. Nimumuhamagare umwanya akiri hafi+. 1 Petero 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”
9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.
2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+.
3 Ariko hari ibintu vyiza+ vyabonetse muri wewe, kuko wakuye ibikingi vyeranda mu gihugu+ kandi ugategurira umutima wawe kurondera Imana y’ukuri+.”
28 Ni ko kubwira umuntu iti:‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’”
12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”