1 Ngoma 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+. Zaburi 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nayo Yehova, yaravye hasi ari mw’ijuru, araba abana b’abantu+,Ngo arabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+. Matayo 7:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kuko umuntu wese asaba ahabwa+, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa. Luka 13:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+, Abaheburayo 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 yongera gushinga umusi kanaka mu kuvuga inyuma y’igihe kirekire gutyo muri zaburi ya Dawidi ngo: “Uno musi”; nk’uko vyavuzwe aho haruguru ngo: “Uno musi nimwumviriza ijwi ryayo+, ntimukomantaze imitima yanyu+.”
9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.
2 Nayo Yehova, yaravye hasi ari mw’ijuru, araba abana b’abantu+,Ngo arabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+.
8 Kuko umuntu wese asaba ahabwa+, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.
24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+,
7 yongera gushinga umusi kanaka mu kuvuga inyuma y’igihe kirekire gutyo muri zaburi ya Dawidi ngo: “Uno musi”; nk’uko vyavuzwe aho haruguru ngo: “Uno musi nimwumviriza ijwi ryayo+, ntimukomantaze imitima yanyu+.”