25 Bafata kandi abaganwa babiri ba Midiyani, ari bo Orebu na Zeyebu+; nuko bicira Orebu ku gitandara ca Orebu+, Zeyebu na we bamwicira ku gikono c’umuvinyu ca Zeyebu. Babandanya kwoma inyuma Midiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zeyebu mu karere ka Yorodani+.