ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 40:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi+,

      Ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko+;

      Nta n’umwe ariho yogereranywa nawe+.

      Hamwe norondera kubivuga no kubiyaga,

      Ni vyinshi kuruta ivyo nodonda+.

  • Zaburi 66:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Bwire Imana muti: “Ese ingene ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!

      Kubera ubwinshi bw’inkomezi zawe, abansi bawe bazoza kuri wewe bahinda agashitsi+.

  • Zaburi 104:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we+!

      Vyose wabikoranye ubukerebutsi+.

      Isi yuzuye ivyo wakoze+.

  • Zaburi 145:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Uko iyaruka rikurikira irindi, rizokeza ibikorwa vyawe+,

      Kandi bazotangaza ibikorwa vyawe vy’inkomezi+.

  • Zaburi 150:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Nimuyishemeze ku bw’ibikorwa vyayo vy’ubushobozi+.

      Nimuyishemeze nk’uko umurengera w’ubukuru bwayo uri+.

  • Umusiguzi 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco+. Mbere n’igihe kitagira urugero yagishize mu mutima wabo+, ngo abantu ntibigere bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo+.

  • Ivyahishuwe 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati:

      “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika