10 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi+: hazoba umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu+. Ni we amahanga azokwitura ngo amusiguze+, kandi ahantu hiwe h’ukuruhukira hazotegerezwa gucika ahaninahaye+.
22 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Raba! Nzodugiriza amahanga ukuboko kwanje+, ndugirize ibisata vy’abantu ikimenyetso canje+. Na bo bazozana abana bawe mu gikiriza, batware ku rutugu abakobwa bawe+.