ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’

  • Gusubira mu vyagezwe 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 mugabo nkagirira ubuntu bwuzuye urukundo iyaruka rigira igihumbi ku bankunda bakagumya amabwirizwa yanje+.

  • Nehemiya 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+.

  • Zaburi 86:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo wewe, ewe Yehova, uri Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe+,

      Iteba gushavura+, kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri+.

  • Yeremiya 32:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Umwe agirira ubuntu bwuzuye urukundo ibihumbi+, kandi akishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abahungu babo mu nyuma zabo+, wewe Mana y’ukuri, Umwe ahambaye+, Umwe w’umunyabushobozi+, Yehova nyen’ingabo+ akaba ari ryo zina ryiwe+,

  • Yoweli 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+.

  • Yona 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ku bw’ivyo asenga Yehova ati: “Ewe Yehova, none si co cari kindaje ishinga nkiri ku butaka bwacu? Ni co catumye nca mpungira i Tarushishi+; kuko nari nzi ko uri Imana y’inyempuhwe n’inyembabazi+, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+, yicuza ku bijanye n’ivyago+.

  • Nahumu 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+; Yehova nta ho azoreka guhana+.

      Inzira yiwe iri mu muyaga utema ugatongora no mu kirura, ibicu ni vyo ntumo itumurwa n’ibirenge vyiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika