ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 1:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kandi igikoko c’ikinyeshamba cose, ikiremwa kiguruka cose co mu kirere be n’igifise ubuzima cose kigendagenda kw’isi, ndagihaye ibimera bitoto vyose ngo bikibere indya+.” Biraheza biba kuno.

  • 1 Abami 18:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Maze Ahabu abwira Obadiya ati: “Gendagenda mu gihugu, ku mbizi z’amazi zose no ku myonga yose. Hari aho tworonka ivyatsi bitoto+, kugira ngo tuzigamire ubuzima amafarasi n’inyumpu, ntihagire ibindi bitungwa birandurwa+.”

  • Yeremiya 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Imparage+ zahagaze ku mirambi igaragara; zamotēreye umuyaga nk’imbwebwe; amaso yazo yayamye kubera ata bimera biriho+.

  • Yoweli 2:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ntimugire ubwoba, mwa bikoko vyo mu gahinga+, kuko amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga atazobura gutotahara+. Kuko igiti kizotanga koko ivyamwa vyaco+. Igiti c’umusukoni be n’umuzabibu ntibizobura gutanga inkomezi zavyo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika