Zaburi 65:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amatongo y’uburagiriro y’agahinga aguma atonyanga+,Imirambi na yo igakenyera akanyamuneza+. Yesaya 30:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+. Zakariya 8:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 ‘Kuko hazobibwa imbuto y’amahoro+; umuzabibu uzotanga icamwa cawo+, isi itange umwimbu wayo+, amajuru na yo atange ikime cayo+; nzotuma koko amasigarira+ y’aba bantu atorana ivyo vyose+.
23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+.
12 ‘Kuko hazobibwa imbuto y’amahoro+; umuzabibu uzotanga icamwa cawo+, isi itange umwimbu wayo+, amajuru na yo atange ikime cayo+; nzotuma koko amasigarira+ y’aba bantu atorana ivyo vyose+.