Gusubira mu vyagezwe 15:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri maze Yehova Imana yawe akagucungura+. Ni co gituma ndagutegetse iki kintu uno musi. Zaburi 31:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mu kuboko kwawe ni ho nshize impwemu yanje+.Warancunguye+, ewe Yehova Mana y’inyakuri+. Luka 1:68 Bibiliya y’isi nshasha 68 “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, kuko yitayeho abantu biwe+ akabatunganiriza ukurokoka+. 1 Petero 1:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ahubwo mwarokojwe amaraso y’agaciro+, nk’ay’umwagazi w’intama utagirako ikirabagu kandi utagirako agatosi+, emwe, aya Kristu+.
15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri maze Yehova Imana yawe akagucungura+. Ni co gituma ndagutegetse iki kintu uno musi.
19 Ahubwo mwarokojwe amaraso y’agaciro+, nk’ay’umwagazi w’intama utagirako ikirabagu kandi utagirako agatosi+, emwe, aya Kristu+.