11 Nuko batangura kwitabira mu gushemeza+ Yehova no mu kumukengurukira, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe agirira Isirayeli ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.” Abantu bose na bo bavuza akaruru n’ijwi rirenga+ bashemeza Yehova kubera hashinzwe umushinge w’inzu ya Yehova.