Zaburi 27:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Niwumve, Yehova we, igihe mpamagara n’ijwi ryanje+,Ungirire ubutoni kandi unyishure+. Zaburi 28:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza,Igihe nduza amaboko yanje+ ndayerekeza ku cumba c’ahitereye c’ahantu heranda hawe+. Zaburi 55:1 Bibiliya y’isi nshasha 55 Ewe Mana, tega ugutwi isengesho ryanje+;Ntiwinyegeze ngo ntiwumve ugusaba ubutoni kwanje+.
2 Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza,Igihe nduza amaboko yanje+ ndayerekeza ku cumba c’ahitereye c’ahantu heranda hawe+.