10 Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha+, ishemezo ryiwe kuva ku mpera y’isi+, mwebwe abamanuka ku kiyaga+ no ku bicuzuye, mwebwe mazinga namwe abayabamwo+!
3 Kandi bariko baririmba+ nk’aho baririmba ururirimbo rushasha+ imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+; kandi nta n’umwe yashoboye kwiga urwo ruririmbo ngo arumenye neza atari vya bihumbi ijana na mirongo ine na bine+, baguzwe+ bakuwe mw’isi.