ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 25:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Yehova ameze neza kandi aragororotse+.

      Ni co gituma yigisha inzira abacumuzi+.

  • Zaburi 100:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Kuko Yehova ari mwiza+;

      Ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ni ubw’igihe kitagira urugero+,

      Ubwizigirwa bwiwe na bwo, ubw’iyaruka ku rindi+.

  • Zaburi 104:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ico ubihaye biratora+.

      Upfumbaturura ikiganza cawe, bigahaga ivyiza+.

  • Nahumu 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye+ ku musi w’amarushwa+.

      Arazi abaronderera ubuhungiro muri we+.

  • Matayo 5:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru+, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi+.

  • Ivyakozwe 14:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza+, ikabaha imvura+ iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze+.”

  • Yakobo 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ingabirano nziza yose+ be n’impano yose itagira akanenge iva hejuru+, kuko imanuka iva kuri Se w’imico yo mw’ijuru+, kandi kuri we ntihaba uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika