Zaburi 34:1 Bibiliya y’isi nshasha 34 Nzohezagira Yehova ibihe vyose+;Ishemezo ryiwe rizokwama mu kanwa kanje+. Zaburi 51:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje+,Kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe+. Zaburi 71:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Akanwa kanje kuzuye ishemezo ryawe+,Kaguma kuzuye ubwiza bwawe bukarinda bwira+. Zaburi 89:1 Bibiliya y’isi nshasha 89 Ivyo Yehova yerekaniramwo ubuntu bwuzuye urukundo, nzobiririmba mbere gushika igihe kitagira urugero+.Uko iyaruka rikurikira irindi, nzomenyesha ubwizigirwa bwawe n’akanwa kanje+.
89 Ivyo Yehova yerekaniramwo ubuntu bwuzuye urukundo, nzobiririmba mbere gushika igihe kitagira urugero+.Uko iyaruka rikurikira irindi, nzomenyesha ubwizigirwa bwawe n’akanwa kanje+.