Abalewi 9:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 hanyuma umuriro urasohoka uvuye imbere ya Yehova+, utangura kuyigiza rya shikanwa riturirwa na vya bipande binuze vyo ku gicaniro. Abantu bose ngo babibone, baraduka biha akaruru+, bagwa bubamye. 1 Ngoma 21:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa. 2 Ngoma 7:1 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nuko Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mu majuru+, utangura kuyigiza ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi, ubuninahazwa bwa Yehova+ na bwo bwuzura iyo nzu.
24 hanyuma umuriro urasohoka uvuye imbere ya Yehova+, utangura kuyigiza rya shikanwa riturirwa na vya bipande binuze vyo ku gicaniro. Abantu bose ngo babibone, baraduka biha akaruru+, bagwa bubamye.
26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa.
7 Nuko Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mu majuru+, utangura kuyigiza ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi, ubuninahazwa bwa Yehova+ na bwo bwuzura iyo nzu.