Gusubira mu vyagezwe 16:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ubutungane, ubutungane ni bwo ukwiye gukurikirana+, kugira ugume uri muzima kandi wigarurire koko igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+. Yobu 21:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Kuko muvuga ngo: ‘Inzu y’umunyacubahiro iri hehe,Ihema riri hehe, insago z’ababisha ziri hehe+?’ Zaburi 37:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho+;Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure+. Zaburi 91:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Uzorabisha amaso gusa+Wibonere agahembo k’ababisha+. Zaburi 101:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Buri gitondo nzonumya ababisha bose bo kw’isi+,Kugira ndandure mu gisagara+ ca Yehova abakora ibibabaza bose+.
20 Ubutungane, ubutungane ni bwo ukwiye gukurikirana+, kugira ugume uri muzima kandi wigarurire koko igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
10 Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho+;Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure+.
8 Buri gitondo nzonumya ababisha bose bo kw’isi+,Kugira ndandure mu gisagara+ ca Yehova abakora ibibabaza bose+.