ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 19:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kandi igihe Imana yahonya ibisagara vyo muri iyo Ntara, yariyumviriye Aburahamu mu kugira ico ikoze igakiza Loti agatikizo, igihe yatikiza ibisagara Loti yabamwo+.

  • Zaburi 37:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuko ababisha bazoyogera+,

      Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;

      Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+.

  • Imigani 13:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ubugororotsi buzigama umuntu ata nabi akora mu nzira yiwe+, mugabo ububisha ni bwo butembagaza umucumuzi+.

  • Imigani 14:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Umubisha azohenurwa kubera ububi bwiwe+, mugabo umugororotsi azoronkera ubuhungiro mu gutungana kwiwe+.

  • 2 Petero 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Egome, nimba Imana itaretse guhana ba bamarayika+ bacumura, mugabo ikabahereza ivyobo vy’umwiza w’umuzitanya mu kubata muri Tarutaro*+ ngo babikirwe urubanza+;

  • 2 Petero 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika