ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Umwe muri nya basuku arishura, ati: “Urazi, narabonye ko mwene Yese Umunyabetelehemu ari umuhanga mu vyo kuvuza inanga+; ni umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+, akaba n’umurwanyi+; ni umuntu avugana ubwenge+, akaba n’umugabo aremye neza+, kandi Yehova ari kumwe na we+.”

  • 2 Samweli 16:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kandi impanuro Ahitofeli yatanga muri iyo misi, wamengo ni nk’aho umuntu asiguje ijambo ry’Imana y’ukuri. Ukwo ni ko impanuro+ yose ya Ahitofeli+ yamera kuri Dawidi no kuri Abusalomu.

  • 1 Abami 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Uno yari umuhungu w’umugore w’umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali, se wiwe akaba yari umugabo w’Umunyatiro+, yakora mu bijanye n’umujumpu+; yari yuzuye ubukerebutsi n’ugutahura+ n’ubumenyi ku bwo gukora ubwoko bwose bw’igikorwa co mu mujumpu. Nuko aza ku Mwami Salomo maze atangura gukora igikorwa ciwe cose.

  • Daniyeli 1:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Umwami atangura kuvugana na bo, kandi muri abo bose ntihaboneka uwumeze nka Daniyeli na Hananiya na Mishaheli na Azariya+; babandanya guhagarara imbere y’umwami+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika