Imigani 11:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Iyo ata buyobozi bw’ubuhanga buhari, abantu baragwa+; mugabo hari ubukiriro mu bajanama indiri+. Imigani 13:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+. Imigani 15:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga+, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko+. Ivyakozwe 15:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Maze intumwa n’abagabo b’inararibonye bakoranira hamwe ngo barabe ivy’ico kibazo+.