Zaburi 141:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye+;Hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe+,Ayo umutwe wanje utoruha wanka+.Kuko hoba hakiriho mbere isengesho ryanje mu gihe c’ivyago vyabo+. Imigani 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko ivyo ari igitsibo giteye igomwe ku mutwe wawe+, n’urunigi rwiza mw’izosi ryawe+. Imigani 9:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ntukangire umushinyaguzi, kugira ngo ntakwanke+. Kangira umuntu w’inkerebutsi, na we azogukunda+.
5 Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye+;Hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe+,Ayo umutwe wanje utoruha wanka+.Kuko hoba hakiriho mbere isengesho ryanje mu gihe c’ivyago vyabo+.